Ad banner
Ad banner
Ad banner

IGITI C'UMURUHO FULL MOVIE Part1/ Fanny, Abel, Chris hamwe na Danny… (+25769317996)

Iy’isi tubayeko, Ibiti birarushe: Ibiti bifise amagorwa menshi, ariko ntibigira uwo biganyira kuko nta muntu n’umwe yipfuza kuganira navyo ngo yumve amarira bifise.

Ukwo buca ukwo bwira niko amaganya y’ibiti akomeza kwiyengora kuko vyitwa ko bifise abo kubivugira, ariko abobikingiye nibo babibuza amahoro, bakabinigira mu menshi bakabibuza kwisanzura.

Yamara, n’ubwo ibiti bititaweho, vyovyo bikomeza kugaragaza urukundo kuri buri kiremwa muntu wese kuko buri musi bitanga umwuka mwiza ( Oxygène) utuma umwana w’umuntu ahema neza; mu gihe twebwe tubiha umwuka mubi ( Gaz carbonique).

N’ubwo biri ukwo, hari Imana igira neza: ukwo umwana w’umuntu akomeza kugirira nabi ibiti mu kubiha Gaz Carbonique, Imana ica ifata ya gaz duha ibiti, ikayihinyanyura ikayihindura ingaburo nziza ku biti, igatuma ibiti bibaho bitotahaye.

Mu buzima, ukwo ukomeza guturubika ikiremwa muntu niko uba uriko ugihezagira mu buryo utazi.
Ni muri iyo mvo tugusaba gukora iciza ukirenganira kuko ineza ntipfa kandi n’ubwo yopfa ntiyigera ibora.

You Might Be Interested In